Koreya: Imigenderanire irashobora kuvyuka hagati ya Koreya zompi?

Umukuru wa Koreya ya ruguru yemeye kugirana umubonano na mugenziwe wa Koreya y’epfo mu kwezi kuza, inyumas y’imyaka irenga icumi abo bategetsi ba Koreya zompi bamaze batavugana.

Umubonano hagati y’abategetsi ba Koreya zompi wateguwe mu gihe c’umubonano hagati ya bwana Kim n’intumwa za Koreya y’epfo, zaheruka Pyongyang.

Uwo mubonano uteganya kubera mu karere ka Panmunjom katanzwemwo agahengwe, uzotuma haba icizere mu migenderanire hagati ya Koreya zompi, eka no hagati ya Koreya ya ruguru na Leta zunze ubumwe za Amerika.

Izo ntumwa zitegenya kuja muri Leta zunze Ubumwe za Amerika mu mpera z’iyi ndwi gushikiriza abategetsi ba Leta zunze Ubumwe za Amerika ivyo baganiriye na Koreya ya ruguru.