Ubushikiranganji bw’indero bwasabwe icegeranyo ku nyigisho za Kaminuza zitangwa ku mugoroba

Inyuma y’inama umushikiranganji w’inyigisho yaheruka kugirana n’abarongoye ama kaminuza mu Burundi, aho yabamenyesheje ko bitumvikana ingene umuntu yoba akora mu ntara zo hagati mu gihugu, kandi asanzwe yiga muri Kaminuza i Bujumbura, ibiro vy’icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu c’Uburundi vyasavye ubwo bushikiranganji bw’indero hamwe n’ubushikiranganji bw’abakozi n’akazi, ko bwotegura icegeranyo kivuga ingaruka zibonekeza kuri ico kibazo c’inyigisho zitangwa ku mugoroba.

Muri ico cegeranyo gitegerezwa gushikirizwa ibiro vy’icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu bitarenze kw’igenekerezo rya 15 Ntwarante 2018, ubwo bushikiranganji bubiri busabwa kandi gushikiriza intererano z’ingingo zofatwa.

Ico cegeranyo kizoca gishikirizwa inama nshikiranganji kugira icemeze, kikazoba kandi kirimwo urutonde rw’abakozi ba Reta bakurikiranye izo nyigisho zo ku mugoroba, mu gihe uwo mwanya bari kuba bari mu kazi bashinzwe. Ingingo zizoheza zifatwe kuri abo bakozi ba Reta, nk’uko biri muri iryo kete ryarungikiwe umushikiranganji w’inyigisho.