Kinanira : Umukuru w’ishengero « New Vision » yafashwe

Igiporisi cataye muri yompi mu gatondo ko kuri uwu w’Imana uwitwa Nimbesha Célestin asanzwe ariwe aserukira imbere y’amategeko ishengero « New Vision » ryo muri karitiye ya Kinanira, zone Musaga, mu gisagara ca Bujumbura.

Uwo yafashwe yagirizwa ko yateye akajagari muri iryo shengero, akajagari katumye abari baje kuhasengera barwana.

Ukwo gushamirana kuri urwo rushengero kwatewe n’ikibazo c’ukurwanira uburongozi cibonekeza, nk’uko vyemezwa n’igiporisi.