Umugambwe CNDD FDD ugiye kwubaka mu ntara ya Gitega ikibanza c’amasengesho, uwo mugambwe ukavuga ko ico kibanza kizohora gisengerwamwo iminsi itatu bafatiye kw’igenekerezo rya 21 Nzero 2002, umunsi abagize uwo mugambwe bavuga ko bafashe ingingo ko Imana ifise ikibanza ca mbere mu mugambwe CNDD-FDD.
Iyo ngingo yafashwe mu nama ya Komite Nkuru y’Umugambwe CNDD-FDD yabereye mu ntara ya Ngozi ku magenekerezo ya 9-10 Ntwarante 2018.
Evariste NDAYISHIMIYE, umunyamabanga mukuru wa CNDD FDD yibutsa ko iminsi yose ya kane uwo mugambwe uri ku butegetsi wayihariye amasengesho n’ukwisonzesha, agasaba abanywanyi ba CNDD FDD kuvyubahiriza.
« Komite nkuru y’umugambwe CNDD-FDD yaremeje icemezo c’isezerano ryemejwe n’abagumyabanga ku wa 18 myandagaro 2017 ryo kwubahiriza umusi wa kane buri ndwi nk’umunsi wo gusenga, kwiyegereza Imana no kwisonzesha. Abagumyabanga bose basabwe kurikurikiza iyo ngingo ata n’umwe avuyeyemwo. »

Evariste NDAYISHIMIYE, umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD FDD
Evariste NDAYISHIMIYE avuga ko ico kibanza kizokwubakwa i Gitega kizokwama gisengerwamwo iminsi itatu bafatiye kw’igenekerezo rya 21 Nzero 2002.
« Komite nkuru y’umugambwe CNDD-FDD yemeje ko mu ntara ya Gitega hubakwa ikibanza c’iryo sezerano, kizohora gisengerwamwo iminsi itatu dufatiye kw’igenekerezo rya 21 Nzero 2002, aho abagumyabanga bafata icemezo ko Imana ifise ikibanza ca mbere mu mugambwe CNDD-FDD. »
Mu mugambwe CNDD FDD basigura ko bahisemwo intara ya Gitega kuko muri kahise iyo ntara ariyo yari umurwa mukuru w’Uburundi, intara ya Gitega ikaba kandi iri hagati na hagati y’Uburundi.