Urunani rw’amashirahamwe aharanira ineza y’abana FENADEB ruriyamiriza ubugizi bwa nabi bwakorewe umwana w’imyaka umunani wo mu ntara ya Cibitoke, yaturiwe ukuboko yagirizwa ko yihaye imfungurwa mu nkono atabanje gusaba uruhusha mukase.
Urunani FENADEB rusaba Abarundi bose kwama badoma urutoke ku bahohotera agateka k’abana, urwo runani rugasaba kandi ubutungane ko bwohana hakurikijwe amategeko uwagirizwa ico caha.
Uwo mwana w’imyaka umunani yaturiwe na mukase kuri uwu wa mbere, yagirizwa ko yihane imfungurwa mu nkono adahawe uruhusha.