Ibibanza bituma humvikana urwamo mu masaha y’ijoro vyategetswe kubihagarika

Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu yasohoye itegeko rihagarika ibibanza bituma humvikana amajwi mu masaha y’ijoro. Mw’itegeko nshikiranganji yateyeko umukono kur’uyu wa kane igenekerezo rya 15 Ntwarante 2018, Pascal BARANDAGIYE asaba umukuru w’igisagara ca Bujumbura na baburamatari bofasha mw’ishirwa mu ngiro ry’iryo tegeko.

Nk’uko biri muri iryo tegeko nshikiranganji, amazu y’ubutambiro asohora ijwi mu masaha y’ijoro arabujijwe, mu gihe n’ubunywero canke ibindi bibanza biteramisha abantu, birekuriwe kubikora ku minsi ya gatanu na gatandatu, gushika isaha zine z’ijoro.

Muri iryo tegeko nshikiranganji, umushikiranganji Pascal BARANDAGIYE amenyesha kandi ko amasengesho aba mw’ijoro, azoba inyuma y’uburenganzira bazohabwa n’umukuru w’igisagara canke ba buramatari b’intara.

Umushikiranganji Pascal BARANDAGIYE amenyesha kandi ko ata mwana arekuriwe kuja mu butambiro , mu gihe atarakwiza imyaka 18 y’amavuka, atari kumwe n’abavyeyi.

Ku bijnye n’amasengesho atunganywa mw’ijoro, umushikiranganji Pascal BARANDAGIYE amenyesha ko, mu gihe ayo masengesho arenza isaha zine z’ijoro, azoba umukuru w’igisagara ca Bujumbura canke buramatari abirekuye, nayo mu gihe ayo masengesho atateguwe n’ishengero ryemewe n’amategeko akaba atararekuriwe kuba.

Muri iryo tegeko, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, amenyesha ko mu gihe hoba uworenga kuri iryo tegeko azohanishwa ihadabu y’amafaranga ava ku bihumbi 100 gushika ku bihumbi 200, habaye ukurenza urugero, ivyo bibanza bitubahirije iro tegeko bikugarwa burundu.