Abakora akazo ko kwunguruza abantu babakura mu gisagara ca Bujumbura babajana mu Bumanuko bw’igihugu, bamenyesha ko bashobora kubura abafata imodoka, mu gihe igituro c’imodoka cahora ku gituro kidandaza ibitoro ca Mogas, kiri kw’ibarabara rya kane ryo muri zone Kanyosha, cokwimurirwa muri karitiye nshasha ya Kizingwe-Bihara.
Uwurongoye ico gituro co mu Kanyosha kigiye kwimurirwa aho benshi bakunda kwita kwa SEBATUTSI, Ferdinand avuga ko bafashe ingingo yo kwimura ico gituro mu ntumbero yo gukinga amasanganya.
Uwo arongoye ico gituro, kigiye kwimurwa, avuga ko, aho bahora bahagarika imiduga yabo hari hasanzwe ari hato, kandi hegereye ibarabara.
Bamwe mu bunguruza abantu bakoresheje imodoka, bavuga ko iciyumviro co kwimura igituro ari ciza, ariko ko bashobora kugira ikibazo co kubura abafata imodoka zabo, kuko bazoba bataramenyera ikibanza.