Libiya : Umushikirizamanza mukuru yasohoye imitahe yo gufata abagirizwa urudandazwa rw’abimukira

Umushikirizamanza mukurumu gihugu ca Libiya yatangaje, kur’ uyu gatatu igenekerezo rya 14 Ntwarante 2018 ko, abantu barenga 200 b’Abanyalibiya hamwe n’abanyamahanga bagize uruhara mu rudandazwa rw’abimukira mu mpisho babatwara mu bihugu vyo ku mugabane wa Buraya, basohorewe imitahe yo kubafata.

Ibiro vy’umushikirizamanza mukuru wa Libiya bimenyesha ko, harimwo abajejwe umutekano, abarongoye amakambi yapfungirwamwo abimukira hamwe na bamwe mu bakozi bakorera ubuserukizi bw’ibihugu vya Afrika muri Libiya.

Umushikirizamanza mukuru mu gihugu ca Libiya avuga ko, harimwo gutunganya ibikorwa mu gisata c’abimukira, kudandaza abantu, ubwicanyi no gufata abagore ku nguvu.

Iyo mitahe, isohotse mu gihe kw’igenekerezo rya 15 Ntwarante uko umwaka utashe, ariho hahimbazwa umunsi mpuzamakungu wahariwe kurwanya amabi akorwa n’abari bajejwe kuyarwanya.