« Nta mabi akorwa n’abajejwe umutekano aribonekeza mu Burundi » – Petero NKURIKIYE

Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano mu Burundi, Pierre NKURIKIYE, avuga ko amabi akorerwa abanyagihugu akozwe n’abajejwe umutekano, ata na rimwe arigera yibonekeza mu Burundi.

Pierre NKURIKIYE avugira ubushikiranganji bw’umutekano mu Burundi, amenyesha ko havugwa amabi yakozwe n’abajejwe kuyarwanya, mu gihe urwo rwego ruba rujejwe kuyarwanya arirwo rwatumye abajejwe umutekano kuyakora.

Uwo avugira ubushikiranganji bw’umutekano mu Burundi, avuga kandi ko mu gihe amakosa akozwe n’uwujejwe umutekano umwe canke babiri ku gatwe kabo, adashobora kwitwa amabi.

Pierre NKURIKIYE amenyesha ko bishika abajejwe umutekano bagakoresha inguvu, aho umutekano uba watosekaye, ariko agasigura ko muri ico gihe atari amabi aba ariko akorerwa abanyagihugu,kuko arico gikorwa c’abajejwe umutekano ariko bisunze amategeko.

Pierre NKURIKIYE,Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano

Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano, Pierre NKURIKIYE, abimenyesheje, mu gihe kw’igenekerezo rya 15 Ntwarante uko umwaka utashe, hahimbazwa umunsi mpuzamakungu wahariwe kurwanya amabi akorwa n’abajejwe kuyakinga.