Uburundi buri mu kibanza ca nyuma ku rutonde rw’ibihugu abantu babayeho mu munezero

Igihugu c’Uburundi nico cashizwe mu kibanza ca nyuma kw’isi,ku rutonde rw’ibihugu bifise abanyagihugu babayeho mu munezero muke, nkuko vyerekanwa mu cegeranyo y’igisata ca ONU citaho ivy’umunezero (World Happiness Report 2018).

Nk’uko biri mu cegeranyo c’igisata ca y’igisata ca ONU citaho ivy’umunezero (World Happiness Report 2018) cagiye ahabona ku wa gatatu igenekerezo rya 14 Ntwarante 2018, Uburundi bwabonetse mu kibanza ca nyuma mu bihugu 156 vyakozweko ayo matohoza .

Ico cegeranyo ciswe UN’s annual World Happiness, kikaba gisohoka buri mwaka aho urwo rutonde rukorwa hisunzwe, imyaka yo kubaho kw ‘abanyagihugu, ukwishira n’ukwizana kw’abanyagihugu, ivyo binjiza (PIB), kugira Ubuntu, kubaho ata giturire gitangwa mu gihugu.

mu bihugu 156 kw’isi vyakozweko ayo matohoza, igihugu ca Finlande nico kiza kw’isonga, hagakurikira igihugu ca Norvège mu kibanza ca kabiri, hakaza Danemark mu kibanza ca gatatu, aho igihugu kibanyi c’Urwanda kiza mu kibanza ca 151

Ico cegeranyo gisohotse imbere y’uko umunsi mukuru mpuzamakungu wahariwe umunezero kw’isi uhimbazwa, kw’igenekerezo rya 20 Ntwarante 2018.