Abantu twese turakeneye ubuntu bw’Imana kugira ngo tube mu mahoro

🌈URUKUNDO RW’IMANA🌈®️

1/uko abantu bakino gihe dukengera,ubuntu IMANA ITUGIRIRA ,buri musi.

2/MARAKI1:6_9

Umwana arubaha se, n’umushumba akubaha sebuja;non’usangwa ndi so,kunyubaha kwanyu kuri hehe?

Cank’asanngwa ndi shobuja,igitinyiro canje Kiri hehe ga Yemwe baherezi bakengera izina ryanje?Ni K’UHORAHO nyeningabo abaza.yamara muravuga,mut’Izina ryawe twarikengereye gute?

Enda rero,ni mwinginge IMANA idutunge,itugirire ikigongwe,kukw ivyo vyabaye kubwanyu,mbega nyene,hari n’umwe muri mwebwe yokwemerera kobabonana?

MARAKI 3:17_18

Uku ni ko K’UHORAHO Nyeningabo agize,ati Bazoba abanje ku musi nzoshinga,babe abo niharije ubwanje;kandi nzobagirira ikigongwe,nk’uk’umuntu. Akigirira Umwana wiwe amukorera.

Aho ni ho muzosubira kumenya yuko haritandukaniro ry’umugororotsi n’,umunyakibi,ry’ukorera IMANA n’utayikorera🙏AMEN HIMBAZWA MWAMI YESU🙏