Abasirikare b’abarundi bagiye gufasha kugarukana amahoro muri Centrafrica bahawe imidari

Abasirikare b’abarundi bagiye mu gikorwa co gufasha kugarukana amahoro mu gihugu ca Centrafrique mu rwego rwa MINUSCA, bahawe imidari n’umukuru w’abasikarikare ba MINUSCA ari kumwe n’abajejwe intwaro muri centrafrica, kur’uyu wa kane, igenekerezo rya 15 Ntwarante 2018.

Amakuru dukesha umuvugizi w’ubushikiranganji bwo kwivuna abansi, Colonel Gaspard BARATUZA, amenyesha ko, abahawe imidari ari abasirikare 743, bose bo mu murwi wa gatatu wagiye mu gihugu ca Centrafrika mu gikorwa co gufasha kugarukana amahoro.

Colonel Gaspard BARATUZA amenyesha ko abo basirikare bahawe imidari, bahejeje ikiringo c’umwaka muri ivyo bikorwa , bazoca basubirirwa n’abandi basirikare b’abarundi 750.

Umuvugizi w’ubushikiranganji bwo kwivuna abansi, amenyesha ko ico gitigiri cahawe imidari kitakwiye 750, kuko hari abatahejeje ibikorwa kubera indwara canke ibindi.