Abantu bataramenyekana igitigiri, nibo bitavye Imana baguweko n’inzu y’igorofa yariko yubakwa muri quartier Kiyange, iri muri zone Buterere, komine Ntahangwa, mu gisagara ca Bujumbura.
Iyo nzu yahenutse mu gatondo ko kur’uyu wa gatanu igenekerezo rya 16 Ntwarante 2018, igihe abakozi bariko bashirako isima n’umusenyi (beton).
Amakuru ava mu giporisi c’Uburundi, ntavuga igitigiri nyezina c’abitavye Imana, ariko ku rubuga rwa twitter rw’igiporisi c’Uburundi, bamenyesha ko ari benshi bitavye Imana.

Ni inkuru tubandanya tubatohoreza, uko amakuru y’abahitanye niryo sanganya abandanya aboneka, niko tubandanya kuyabashikiriza.