N’imiburiburi abantu 9 bitavye Imana, batatu barakomereka baguweko n’umusozi mu gihe bariko bubaka inking zo gukingira uruzi Gasenyi ruca hafi y’ahariko hubakwa ahazokorera umukuru w’igihugu.
Amakuru dukesha umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano, Pierre NKURIKIYE, amenyesha ko umusozi wahenukiye kur’abo bantu mu gatondo ko kur’uyu wa gatanu igenekerezo rya 16 Ntwarante 2018, hafi y’ibarabara riduga mu guhugu hagati riciye mu ntara ya Bujumbura.
Ayo makuru nyene amenyesha ko, inyuma gato y’isanganya, bamwe mu bariko bakorera muri ico kibanza bamenyesheje ko abantu icenda aribo boba bitavye Imana.
Ico gitigiri c’abitavye Imana n’abakomeretse cahavuye cemezwa n’umushikiranganji w’ibikorwa vya Reta no kwunguruza abantu n’ibintu,Jean Bosco NTUNZWENIMANA nawe nyene yashitse ahabereye iryo sanganya.

Mu giporisi c’Uburundi, bamenyesha ko igiporisi c’Uburundi kiri kumwe n’abandi bafashanya mu gikorwa co gutabara,bamaze kuhashika kugira bafashe.