Ibihugu bitatu bigwiriyemwo inzovu ku mugabane wa Afrika bisaba umuryango w’ibihugu vya Buraya guhagarika urudandazwa rwemewe n’amategeko rw’ibikoresho bikozwe mu menyo y’inzovu.
Urwo rwandiko rwashizweko umukono na Prezida Ian Khama wa Botswana hamwe na bagenziwe ba Gabon na Uganda, ivyo bikaba bizofasha gukingira ivyo bikoko, vyicwa mu bihumbi ku mwaka n’abahigi.
Prezida Khama yavuze ko kubuza urudandazwa rwa « ivoire » bizofasha guhagarika abakora urudandazwa rudaciye mu mategeko rw’amasenge y’inzovu. ‘
(Igice c’inzovu ziri muri Afrika kiri mu gihugu ca Botswana.)
Bwana Khama yidogeye Prezida Trump ku kuba yahagaritse itegeko ribuza uruhigi rw’amenyo y’inzovu, avuga ko bizotuma abahigi bayo biyongera.