Abapfungwa 740 bahora bapfungiwe mw’ibohero rikuru rya Mpimba mu gisagara ca Bujumbura barekuwe kuri uwu wa gatanu ku kigongwe c’umukuru w’igihugu. Muri abo, abagera ku 450 ni abiyamirije ugusubira kwitoza kw’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA, bakaba bafashwe kuva mu kwezi kwa Ndamukiza 2015, mu myiyerekano.
Abo bapfungwa barekuwe mu ngingo y’umukuru w’igihugu y’ugutanga ikigongwe ku banyororo barenga ibihumbi bibiri mu gihugu cose. Egide NIYONGABO, umwe mu banyororo bahagaritswe mu myiyerekano y’ukwiyamiriza ugusubira kwitoza kw’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA arashima ico kigongwe yagiriwe, akabwira abasigaye mw’ibohero ko bokwihangana.
« Turashimye kubona ikigongwe gishobora kugirirwa abanyororo barenga ibihumbi bibiri. Hariho benshi batari bwaheze igihano bahawe, ariko bagiriwe ikigongwe. Nkaba mbwiye n’abandi batashoboye gutaha, bizere nabo bazoshikirwa batahe. »
Egide NIYONGABO yemeza ko yari umupfungwa wa poritike, akavuga kandi icari catumye afatwa : « Nafashwe agirizwa ko ndi mu biyamirije ikiringo ca gatatu ca Petero NKURUNZIZA, nkaba nakorera imyiyerekano mu Nyakabiga, hama igiporisi kiramfata »
Umushikiranganji Aime Laurentine KANYANA yari aho kw’ibohero rikuru rya Mpimba aho abo bapfungwa barekurwa, yabatekereye impanuro.
« Turi mu kiringo c’amatora y’ibwirizwa shingiro. Hari abaza kubategera bababwire ko aho muvuye muhamenyereye. Uwuzosubira mu vyatumye apfungwa amenye ko ubuzima bwiwe buzoherera mw’ibohero. »
Umushikiranganji KANYANA asaba abajejwe intwaro ko bokwakira neza abo bahawe ikigongwe.
Mw’ishirahamwe « NTABARIZA » rikurikirana agateka k’abanyoro bavuga ko naho barekuye abo banyororo, impinga ikiri ndende, kubera igitigiri c’abapfungiwe mw’ibohero rikuru Mpimba kikiri hejuru, muri iryo shirahamwe bagereranije n’ibibanza vyagenewe kwakira abapfungwa muri iryo bohero. Jean Marie NSHIMIRIMANA arongoye ishirahamwe « NTABARIZA » : « Naho barekuye abashika 740, vyukana mu 3800 bari ngaha, hari hagenewe abantu amajana umunani, murumva ko hakiri impinga ndende kugira agateka k’abanyororo kagende neza. »
Muri iryo shirahamwe basaba Reta y’uburundi ko yoshira imbere imbere ibikorwa bisubirira ugupfungwa, mu munyororo hakaja abamaze kuciribwa urubanza rw’imyaka itari munsi y’itanu.