Abaharanira agateka ka zina muntu mu gihugu ca Siriya bavuga ko, abantu bashika 50000 bamaze guhunga kubera ingwano n’ibitero biriko biba mu buraruko no mu bumanuko bwa Siriya.
Amakuru dukesha iradiyo y’abongereza BBC, amenyesha ko abashika 30000 bahunze bava mu gisagara ca Afrin kiri mu buraruko igihe abasirikare ba Tirikiya n’abo bari kumwe batera.
Abaharanira agateka ka zina muntu, bavuze ko abantu 18 aribo bishwe n’ibibombe vya Tirikiya kur’uno wa gatanu, mu ngwano yatanguriye mu bwinjiriro bw’igisagara.
Iradiyo y’abongereza BBC , ivuga ko mu ntara ya Ghouta iri mu buseruko inyuma ya Damas, abantu 20000 aribo bahunze uturere turiko tugirwamwo ibitero n’abasirikare ba Reta.
Ingwano mu gihugu ca Siriya imaze imyaka indwi itanguye, imaze gutuma abantu imiriyoni 12 bata ingo zabo, imiriyoni zitandatu bakaba bahungiye mu gihugu hagati, abandi imiriyoni 5.6 baja hanze y’igihugu.