Ubutumwa bw’abisezerano bwo guhoza abantu n’imiryango bari mu maganyanya, amarira yatewe n’impfu.

IHANGA RY’IMANA ABISEZERANO RIRAHOJEJE ABARUNDI BARIKO BARABURA.

Ncuti namwe bakunzi bose b’Ihanga ry’Imana Abisezerano, turabaramukije amahoro ya Yesu Kristo Umwami n’Umukiza wacu tuti Shalom!

Dufashe aka kanya ko guhoza abarundi isinzi bari mu mibabaro mtangere itewe no kubura ababo kubera impanuka z’urusobe n’urutavanako ziriko zirashikira ihanga ry’abarundi.

Kuri uyu munsi uri hejuru igenekerezo rya 16 Ntwarante 2018, inzu y’igorofa yasenyukiye kubantu isinzi ku Buterere gushika ubu hakaba hataramenyekanya igitigiri ntabanduka c’abahasize ubuzima mugabo abantu benshi bakaba bamaze kumenyekana yuko bahapfiriye.

Hakaba kandi hamaze gupfa abandi 9 baguweko n’umusozi mu Gasenyi muri Bujumbura nyene.

Kuri ivyo hakiyongerako amakuru ava mu basirikare b’Uburundi bagiye kugarukana amahoro mu centre Afrika, nabo nyene bagize isanganya.

Uretse amasanganya abarundi isinzi basanzwe bugarijwe n’ubukene nabwo bakaba budasiga inyuma amarwara, n’imiruho y’abana n’imiryango biza vyiyongera ku barundi isinzi bagorewe mu buhungiro. Kubera ayo masanganya, kubera ibihe uburundi busanze burimwo maze hiyongereyeko kahise k’igihugu cacu aho abarundi bagiye baricwa kakaba akamizwe n’ingoma. Abantu benshi basigaye bameze nk’inyamaswa; abarundi ntibatinya gufuba abana bakiri bazima canke kubaca ibikonjo ndetse no kubaturira amaboko ngo bivye ikigori! Abarundi ntibagera umutwe kunyuruza abakenyezi, kubica no kubatoteza, abarundi basigaye bakora ibirengeye ivyiyumviro vy’umwana w’umuntu mu kwica, mu kwiba, mu kubesha, mu busambanyi n’ibindi ben’ivyo bizanira igihugu umuvumo.

Twagomba guhoza abahasinzikariye n’abahaburiye tubasaba kwigumya no kwihangana. Tuboneyeho n’akaryo ko kwibutsa umuntu wese yuko ari ukwama twitunganya, twezwa, dusoma Ijambo ry’Imana kandi dusengera uburinzi kuko ubuzima bw’umubiri ari nk’umukungugu, ni nk’amazi aseseka ntibayore. Hahiriwe abama biragiza Uhoraho uko bukeye n’uko bwije.

Mukurangiza twagomba kubahamagarira gushira umutima kuri ay’amajambo y’ubwenge ya Salomo:  » Nuko kura amaganya mu mutima wawe, kandi ushire ikibi kure y’umubiri wawe, kuk’ubuto n’ubusore ar’ubusa. » Umusiguzi 11:10.

Imana Nyenamahoro Ibazigame.

http://www.abisezerano.com