Buterere : Inzu y’igorofa yabomotse yahitanye abantu batatu

Igiporisi c’Uburundi kimenyesha ko igikorwa c’ukurondera abaguweko n’inzu y’igorofa yasenyutse kuri uwu wa gatanu muri karitiye ya Kiyange, zone Buterere mu gisagara ca Bujumbura caheze. Inyuma y’ico gikorwa, mu giporisi bavuga ko ibiziga vy’abantu bitavye Imana vyatowe mu bihomoka ari bitatu, hamwe n’abakomeretse bagera kuri 43.

Iyo nzu y’igorofa yabomotse mu gatondo ko kuri uwu wa gatanu igenekerezo rya 16 Ntwarante 2018, igihe abakozi bariko bashirako « Beton ».