Ikigo ABUTIP cabaye kirahagarika ibikorwa ku nzuzi Gasenyi na Nyabagere

Inyuma y’isanganya ryahitanye abantu batandatu abandi batatu bagakomereka ahariko hubakwa impome zikingira inkombe z’uruzi Gasenyu ruca hafi y’ahariko hubakwa inyubakwa umukuru w’igihugu azokoreramwo mu Gasenyi, mu ntara ya Bujumbura, ikigo gikurikirana ibikorwa vya Reta ABUTIP ko ataco kitazokora kugira gishigikire imiryango yabuze.

Mw’itangazo ikigo ABUTIP casohoye kur’uyu wa gatanu igenekerezo rya 16 Ntwarante 2018 inyuma y’isanganya, kimenyesha ko kizokora ibishoboka vyose kugira gishigikire imiryango yabuze, haba mu bijanye no kubaremesha hamwe no mu buryo bwo gushingura abayo.

Muri iryo tngazo,ikigo gikurikirana ibikorwa vya Reta ABUTIP, kimenyesha ko nk’ayandi mashirahamwe yose akorera mu gisata c’ibikorwa vya Reta kigenzura, ishirahamwe ririko rikora ibikorwa ku ruzi Gasenyi , categekanirije kazoza abakozi barikoreramwo.

Ikigo ABUTIP kimenyesha ko, mu ntumbero yo kugira ivyigwa vyo ku rwego rwo hejuru,kugira bamenye uko iryo sanganya ryabaye,bongere barabe ko bitoshika ahandi mu bindi bibanza, ibikorwa vyo gushigikira inkombe z’inzuzi Gasenyi na Nyabagere bibaye birahagarikwa.