Mwame mwibuka yuko ibihimbaro vy’umubiri atarivyo bizana Amahoro.

🌈IBIHIMBARO N’UBUTUNZI NTIBIZANA AMAHORO🌈

UMUSIGUZI 2:1_2_3_13.

1/Nibwiye mu mutima wanje,nt’Enda nkugeragereshe ibinezereza,nuko rer’uhimbarwe n’ivyiza,kandi raba n’ivyo na vyo vyabaye ivy’ubusa.

2/Navuze ku bitwengo,nti birasaze,no kubinezereza,nti bimaze iki ?

3/Niziganguye mu mutima wanje uko nonezeresha umubiri wenje vino,umutima wanje ukindongoresha ubwenge,n’ingene nokurikira ubupfu,kugira ngo mbone ivyo Abana b’abantu bakwiye gukorera musi y’ijuru imisi yose y’ukubaho kwabo.

13/Kandi mbona yuko mu bwenge har’inyungu kuruta mu bupfu, nk’uko mu muco har’inyungu kuruta mu

mwiza.

🙏AMEN HIMBAZWA MWAMI YESU🙏