Umugambwe KAZE FDD woba ugira ucikemwo amashami

Umugambwe KAZE FDD watunganije ikoraniro Kaminuza ririko ribera mu gisagara ca Bujumbura kuri uwu wa gatandatu, muri « EGO HOTEL ». Muri iryo koraniro niho hatorwa indongozi nshasha z’uwo mugambwe. Jean Bosco NDAYIKENGURUKIYE avuga ko ariwe aramutswa uwo mugambwe ariyamiriza ibiza kuva muri iryo koraniro.

Iryo koraniro ryatumweko na Generose NAHIMANA, umunyamabanga mukuru w’uwo mugambwe, ariko atemewe na Jean Bosco NDAYIKENGURUKIYE avuga ariwe aramutswa uwo mugambwe.

Mw’itangazo ryasohowe n’umugambwe KAZE FDD riterwako umukono na Jean Bosco NDAYIKENGURUKIYE, bavuga ko uwo Generose NAHIMANA yahoze ari umunyamabanga mukuru w’uwo mugambwe yahagaritswemuri ayo mabanga, kandi ko n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu bwabimenyeshejwe. Muri iryo tangazo bakavuga ko batangazwa n’ukubona ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu bwaremereye uwo Generose NAHIMANA ko yotunganya iryo koraniro Kaminuza.

Jean Bosco NDAYIKENGURUKIYE yagiriza ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu ko bufise intumbere y’ugucamwo amashami abiri uwo mugambwe, akavuga ko afise n’ivyemeza.