Amatora ya prezida mu Burusiya, Président Poutine yaraye ayatsinze.

Ibiro vy’amatora vyuguruwe mu matora y’umukuru w’igihugu mu Burusiya, Prezida Vladimir Putin akaba arondera kuguma ku butegetsi ku kiringo ca kane.

Mu buseruko amatora yatanguye 20:00 GMT, yugururwa ku mugwa mukuru Moscou inyuma y’amasaha icenda.

Ibiro vy’amatora bitegekanywa kwugagwa ku wa Mungu ku mugoroba.

Bwana Putin yizeye kurongora igihugu ku kindi kiringo c’imyaka itandatu, akaba ahanganye n’abakandida indwi.

Yavuze ko izoba ari intsinzi, mu gihe ivyova mu matora vyoba bimuhaye uburenganzira bwo kurangura amabanga y’umukuru w’igihugu.

Ayo majambo yashikirije yaciye kuri televiziyo y’igihugu, ahejeje gutora i Moscou.

Abahanganye na Bwana Putin barimwo umugabo atunze cane w’umukomunista, Pavel Grudinin, uwakoreye mu vya televiziyo, Ksenia Sobchak hamwe n’umunyapolitike abisaziyemwo Vladimir Zhirinovsky.

Umugabo w’ijunja atavuga rumwe n’ubutegetsi Alexei Navalny, yarabujijwe kwitoza kubera ivyo akurikiranwako vy’amanyanga, we akavuga ko yakumiwe ku mvo za politike.

Bwana Navalny yasavye abanyagihugu kutitaba amatora.

Vladimir Putin w’imyaka 65, ni umutegetsi w’ijunja kuva mu 1999, ari umukuru w’igihugu canke umushikiranganji wa mbere.

Mu ntara zimwezimwe, abarusiya basabwa kuja gutora bemerewe imfungugwa za gusa canke kugabanirizwa ibiciro mu maduka, nkuko amakuru yo muri ico gihugu avuga.

Muri Crimée, amatora yo ku munsi wa Mungu azoba abaye aya mbere inyuma yaho Uburusiya bwamburiye iyo ntara Ukraine.

Ano matora ahuriranye n’isabukuru ya kane y’amasezerano yateweko umukono na Prezida Vladmir Putin igihe Crimée yomekwa ku Burusiya.

Ukwo kwiyomekako Crimée vyariyamirijwe na Kiev, bituma haduka uruhagarara hagati y’Uburusiya n’ibihugu vya Buraya.

Une réflexion sur “Amatora ya prezida mu Burusiya, Président Poutine yaraye ayatsinze.

Les commentaires sont fermés.