Dusangire amajambo y’Imana,

Shalom.

Dusangire ijambo ry’Imana.

Umusiguzi 11:1

« Terera ivyo kurya vyawe ku mazi:uzosubira kubibona hahise imisi myinshi. »

Ivyo uriko urabiba n’ivyo uzokwimbura. Mbega izo ndya uterera ku mazi n’iki? N’ico kintu ciza cose uriko urakorera abandi utizeye inyungu, uterera n’Ijambo rizima ry’Imana, amasengesho, ibikorwa vyiza,….

Ariko impera n’imperuka ukabona ivyiza bivuyemwo canke bikabonwa n’abana bacu canke abavukanyi.

Muri Bibiliya harimwo uturorero twinshi. Yonatani umuhungu w’umwami Sauli yagiye neza Dawidi. Naho Yonatani atagize amahirwe yo kubaho ngo abibone umuhungu wiwe Mefibosheti yabironse. (2 samuel 9:1-13).

Ariko hari n’abandi batereye ibitarivyo bituma abana babo barandurwa :ibuka umwami Ahabu ko ibigirwamana yakwegeyemwo abisirayeli vyatumye uruvyaro rwiwe rurandurwa. Umuherezi Eli ingene vyagenze kuruvyaro rwiwe.

None dukore iki?

Turabe ivyo dukora ko bifise ingaruka nziza canke mbi haba uyu musi canke muri kazoza.