Ibihugu vya Buraya vyiyumanganije intsinzi ya Putin

Nta kajambo na kamwe kigeze kavugwa n’ibihugu vya Buraya ku ntsinzi ya Vladimir Putin mu matora y’umukuru w’igihugu c’Uburusiya, aho yaronse bitatu vya kane vy’amajwi yose yaharuwe.

Ubushinwa, Kazakhstan, Belarus, Venezuela, Bolivia na Cuba vyarungitse ubutumwa bwo gukeza umurongozi w’Uburusiya.

Uwo bari bahanganye, aserukiye umugambwe wa Communist Party, yaronse amajwi ari munsi ya cumi n’abiri kw’ijana.

Haravuzwe amakuru y’uko habaye utunenge mu matora, harimwo ivy’uko hari amasandugu yujujwemwo amajwi hamwe n’abantu bategetswe gutora, cane cane abakozi ba leta hamwe n’abanyeshure.

Uwukomeye mu batavuga rumwe na leta, Alexei Navalny, yabujijwe kwitoza; yanditse kuri Twitter ko vyamugoye cane gutsinda ishavu igihe amajwi yatangazwa.