Igihugu ca Finlande kizokwakira inama hagati ya Amerika na Korea

Igihugu ca Reta zunze ubumwe za Amerika citezwe kugirana ibiganiro mu gihugu ca Finlande mu minsi iza n’intumwa za Korea ya Ruguru, hamwe n’ iza Korea y’epfo.

Nk’uko tubikesha BBC, bikekwa ko bazoganira ku bijanye n’inama hagati y’umukuru w’igihugu Donald Trump hamwe n’uwutwara igihugu ca Korea ya Ruguru, Kim Jong-un.

Igihe umutegetsi akomeye wa Korea ya Ruguru abonywe i Beijing yurira indege igiye Helsinki, niho amakuru yerekeye iyo nama y’i Finlande yatanguye kuvugwa, ikaba yitezwe guhuza abakozi bari mu buserukizi bwa Amerika hamwe n’abahinga ba Korea y’epfo muvy’umutekano.