Mugere : Abanyagihugu batewe ubwoba n’igitarurwa catanguye kubomoka

Igitarurwa co ku ruzi rwa Mugere kw’ibarabara rikuru rya 3, gihuza intara ya Bujumbura Mairie na Bujumbura bita « Rural », giteye ubwoba abanyagihugu baba muri iyo micungararo. Aho ni mu gihe inyubakwa z’ico gitarurwa zatanguye gukoragurika.

Nk’uko abanyagihugu begereye ico gitarurwa bavuga, ubuyungiro bufashe amabuye yaratabutse, amwe mu mabuye afashe ico gitarurwa akaba yakorokeye mu mazi. Iyo imiduga iciye kuri ico gitarurwa, inyubakwa zaco ziranyiganga.

Abo banyagihugu basaba ko hokorwa vuba, kuko abanyagihugu b’aho bahakorera imirimo itandukanye.

Abanyagihugu basaba kandi ko ico gitarurwa cosanurwa, kubera ko ari ibarabara ricamwo ingenzi, ndetse ricamwo ibintu vyinshi ngirakamaro ku banyagihugu ndetse no ku buzima bw’igihugu.

Ntiturashobora kuronka abajejwe ivy’amabarabara kugira bagire ico bashikirije kuri ico kibazo.