Muyinga : umukuru wa zone Jarama yahatswe kugandagurwa

Umukuru wa zone Jarama, komine Buhinyuza, intara ya Muyinga yacitse kw’icumu mw’ijoro ryo kuri uwu wa gatandatu.

Uwo mukuru wa zone Jarama yategerewe n’abantu bataramenyekana barashe ipikipiki yari imwunguruje, ariko Imana ikaba yarakinze, abari kuri iyo pikipiki bose ntaco babaye.

Ayo masasu yumvikanye mu gihe iyo pikipiki yari igeze ku musozi Burasira. Abarashe ntibashoboye kumenyekana.