Uburundi ntibwaserukiwe mu nama y’abashikiranganji b’imigenderanire b’ibihugu bigize ubumwe bwa Afrika, inama iriko ibera mu Rwanda, mu gisagara ca Kigali kuva kuri uwu wa mbere. Iyo nama niyo itegura iy’abakuru b’ivyo bihugu izobera aho nyene i Kigali, kuri uwu wa gatatu kw’igenekerezo rya 21 Ntwarante 2018.
Muri iyo nama b’abakuru b’ibihugu vy’umuryango w’ubumwe bwa Afrika, niho hazokwemezwa amasezerano y’ugushiraho isoko rusangi y’ubumwe bwa Afrika (CFTA : Continental Free Trade Area).
Abakuru b’ibihugu bamaze kwemeza ko bazokwitaba iyo nama izotangura kuri uwu wa gatatu abatwara ibihugu bikurikira : Niger, Tchad, Congo Brazzaville, Djibouti, Repubulika Iharanira intwaro rusangi ya Congo, Togo, Mauritania, Gabon, Guinea, Senegal, Kenya, Mali, Madagascar, Guinea Bissau, Mozambique, Burkina Faso, Centrafrique, Libye, Comoros, Sahrawi, Ghana, Lesotho, Gambia, Somalia, Angola, Zimbabwe hamwe na Afrika y’Epfo.

Muri iyo nama, intebe y’umushikiranganji w’Uburundi ajejwe imigenderanire yagaragara
Umubano w’ibihugu bibanyi, Uburundi n’Urwanda, watanguye gutosekara kuva mu kwezi kwa kane umwaka w’2015, hatanguye imyiyerekano y’abiyamiriza ugusubira kwitoza kw’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA. Uburundi bwagiriza igihugu c’Urwanda ko kibitse abashatse gutembagaza ubutegetsi, ko Urwanda rwatanze ibirwanisho vyakoreshejwe mu ntureka zihitiye mu Burundi, kandi ko n’abarwanya ubutegetsi bw’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA bahabwa imyimenyerezo ya gisirikare muri ico gihugu.
Ku rundi ruhande, Urwanda rwagiriza Uburundi ko bukorana n’abarwanyi ba FDLR. Ibihugu vyompi bimenyesha ko bifise ivyagiriji bikwiye.
Kuva uwo mubano utanguye kubonekamwo utunenge, igihugu kimwe muri ivyo cakiriye inama, ikindi ntigiserukirwa.