Amashirahamwe CAPES plus na PISC-Burundi amenyesha ko agiye gutanguza isekeza ryo kwisonzesha no gusenga, ku minsi ya kane,mu ndwi zibiri za nyuma z’ukwezi kwa Ruhuhuma, hamwe n’iminsi ya kane yose yo mu kwezi kwa Ndamukiza. Muri CAPES Plus na PISC-Burundi bavuga ko ari mu ntumbero yo kugira indyadya zimenyekane imbere y’uko amatora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro aba.
Mu kiganiro ayo mashirahamwe abiri yahaye abamenyeshamakuru kur’uyu wa kabiri igenekerezo rya 20 Ntwarante 2018, amenyesha ko ivyegeranyo bishikirizwa ku Burundi ata kibanza biba bifise iyaba abarundi bakurikiza imico y’abakera, kandi bagasenga Imana.
Amashirahamwe CAPES Plus na PISC-Burundi amenyesha ko ico gikorwa co gusenga no kwisonzesha kizokorwa ku gushaka kw’umuntu, kandi ko kizoherekezwa no gutanga infashanyo ku bazikeneye.
Muri ico kiganiro ku bamenyeshamakuru, amashirahamwe CAPES Plus na PISC-Burundi asaba abarundi bose bavyipfuza, na cane cane indongozi, kubashigikira muri ico gikorwa bagiye gutanguza.
Ayo mashirahamwe ashinze iyo minsi ya kane yo mu kwezi kwa gatatu n’ukwa kane, mu gihe no mu mugambwe CNDD-FDD bahariye umunsi wa kane, umunsi wo gusenga no kwisonzesha.