Inama nkenguzamateka yatanze intererano y’amatora ya 2020

Urwego rw’inama nkeguzamateka ruserukiwe n’umunyamabanga mukuru w’urwo rwego,Rénovat NIYONZIMA, rwaratanze intererano yo gufasha mu matora yo mu mwaka wa 2020. Inama nkenguzamateka yatanze amafaranga angana n’imiriyoni mirongo itanu z’amarundi (50.000.000fr bu).

Rénovat NIYONZIMA avuga ko bayatanze mu ntumbero yo gushigikira akororero katanzwe n’umukuru w’igihugu Pierre NKURUNZIZA, aho yahamagarira abarundi bose gushigishigikira umugambi w’amatora .

Umunyamabanga mukuru w’inama nkenguzamateka, yavuze kandi ko ayo mafaranga yatanzwe n’abakenguzamateka bose n’abakozi bose bakorera muri urwo rwego.

Rénovat NIYONZIMA yavuze ko batanze ayo mafaranga mu ntumbero yo guhesha icubahiro igihugu c’uburundi mu makungu.