Ishirahamwe OLUCOME rivuga amafaranga ya Reta hafi imiriyadi 300 yaburiwe irengero

Ishirahamwe rirwanya abarya ibiturire OLUCOME risaba ko hakwiye kuba ivyigwa vyerekana irengero ry’amafaranga ahabwa Reta y’Uburundi avuye mu bikorwa vy’abasirikare b’Abarundi barungikwa kugarukana amahoro muri Somaliya (AMISOM).

Iryo shirahamwe rivuga kandi ko ivyo vyigwa nyene bikenewe ku mafaranga ava mu butare bw’Uburundi. Ivyo biri mu cegeranyo cashizwe ahabona kuri uwu wa mbere n’ishirahamwe OLUCOME rirwanya abarya ibiturire.

Nk’uko tubishikirizwa na Gabriel RUFYIRI arongoye ishirahamwe OLUCOME, ico cegeranyo kivuga amafaranga agera hafi ku miriyaridi amajana atatu yaburiwe irengero mu mwaka uheze w’2017. Muri OLUCOME bakavuga ko bamwe mu bategetsi babifisemwo uruhara, hamwe n’abari ku ruhande rwabo.

Ayo mafaranga yaburiwe irengero ari muma Dosiye agera kuri 40 yasuzumwe n’iryo shirahamwe, muri OLUCOME bakamenyesha ko vyari bikwiye ko Abarundi bamenyeshwa aho amafaranga yategerezwa gushika mu kigega ca Reta azimirira.