Muramvya : Posita yo muri komine Rutegama yibwe

Amafaranga y’amarundi agera ku muriyoni umwe hamwe n’ibihumbi amajana atanu na cumi na bitanu (1.515.000 Frs Bu) niyo mafaranga yibwe muri Posita ya Komine Rutegama intara ya Muramvya, kuri uwu wa mbere. Abantu batatu bafashwe ku mvo z’amatohoza.

Mu giporisi aho mu ntara ya Muramvya bamenyesha ko abivye ayo mafaranga buguruye bisanzwe n’urufunguruzo, kandi ko n’inzugi z’iyo Posita ataco zabaye. Abagirizwa ubwo busuma ntibaramenyekana.

Mu giporisi i Muramvya bavuga ariko ko abantu batatu bafashwe ku mvo z’amatohoza, umwe muribo ni uwari afise imfunguruzo umunsi iyo Posita yibwa.