Uburundi buvuga ivyatumye OIF ifata ibihano vyahindutse

Uburundi bwatanguye kuri uwu wa mbere ihimbazwa ry’indwi yahariwe ururimi rw’igifaransa mu gihe imigenderanire y’Uburundi hamwe n’ishirahamwe ry’abakoresha urwo rurimi itifashe neza kubera ibihano iryo shirahamwe ryafatiwe Uburundi. Uwaserukiye Uburundi mw’ihimbazwa ry’iyo ndwi asaba ko ivoy bihano vyohagarikwa, ku rundi ruhande uwuserukira Ubufaransa mu Burundi asaba ko hotunganwa ibiganiro vyofasha kugarukana icuka ciza.

Reta y’Uburundi yaserukiwe muri ivyo biro na Alain Aimé NYAMITWE, umushikiranganji w’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu, akaba yamenyesheje ko biboneka ko ivyatumye ivyo bihano bifatwa vyahindutse mu Burundi, akamenyesha ko bitumvikana ingene ivyo bihano bigumizwaho.

Reta y’Uburundi isaba ko yokurwaho ibihano yafatiwe na OIF (Organisation Internationale de la Francophonie) mu gihe Intumwa z’iryo shirahamwe zaheruka mu rugendo mu gihugu c’Uburundi kuva kw’igenekerezo rya 12 Kigarama 2017, mu ntumbero y’ukwirabira uko ibintu vyifashe mu Burundi.

Ibihano vy’Uburundi vyafashwe mu nama y’iryo shirahamwe igira iya 97 yabereye i Paris mu Bufaransa kw’igenekerezo rya 7 Mukakaro 2016, umurwi wamaho wa OIF wafashe ingingo y’uguhagarika vy’agateganyo ugukorana n’Uburundi. N’imigenderanire n’ugufashanya iryo shirahamwe ryahora rifitaniye n’Uburundi yarahagaritswe muri iyo nama.

Muri iyo nama yaremeshejwe na Michaëlle Jean, umukuru w’iryo shirahamwe, ingingo yafashwe n’uko imigenderanire n’ugufashanya vyohagarikwa mu Burundi, ariko igihugu kikagumizwa muri iryo shirahamwe.

Iyo ngingo yavuga ko imigambi igiye kugumizwaho ari iyishikira abanyagihuhu ubwo nyene, kandi itabanza gucishwa kuri Reta y’Uburundi, hamwe n’imigambi ifasha mw’iterambere ry’intwaro rusangi (Rétablissement de la démocratie).

Uburundi bwahowe ko buterekanye ugushaka mu kuva mu ntureka igihugu kirimwo kuva mu kwezi kwa Ndamukiza 2015. Muri iyo nama yabaye mu 2016, ishirahamwe OIF ryamenyesheje ko umutekano ubandanya gutituka, ubwicanyi hamwe n’uguhohotera agateka ka zina muntu bikaba bibandanya kwibonekeza, ibiganiro navyo hagati ya Reta n’abatavuga rumwe nayo bikaba vyari vyadindiye.

Louis Hamann, umuvugizi w’umukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ry’abakoresha ururimi rw’igifaransa yari yamenyesheje ko iyo ngingo ifashwe kugira bagondoze Reta y’Uburundi itore umuti w’ibibazo vya poritike biri mu Burundi, yemere kandi n’ukwitaba ibiganiro biyihuza n’abatavuga rumwe nayo, kandi bidakumira.