Ubushikiranganji bw’amazi, ibidukikije, gutunganya amatongo n’ibisagara, buserukiwe n’umushikiranganji abutwara Celestin NDAYIZEYE, bwatanze intererano yo gufasha mu matora yo mu mwaka wa 2020. Amafaranga y’amarundi angana n’imiriyoni mirongo ibiri n’umunani n’ibihumbi bitandatu n’amafaranga amajana ane (28.006.400 Frs Bu).
Nk’uko bishikirizwa n’uwutwara ubwo bushikiranganji Celestin NDAYIZEYE, avuga ko ari igikorwa co gukunda igihugu, igikorwa co kurondera ubwigenge no gutsimbataza demokarasi mu Burundi.
Celestin NDAYIZEYE yashimiye cane abo basangiye umirimo ku kigoro bagize mu gutanga amafaranga uko angana kwose, narirya ubwo bushikiranganji bugizwe n’abakozi bake.