Umutumiro w’amasengesho y’Ihanga ry’Imana ry’abisezerano yo kuwa 21/03 na 25/03/2018
Shalom! Nkuko uhoraho Imana yabidutegetse yuko ku misi ya gatatu na gatandatu twama dufise amasengesho yo gusengera u Burundi n’abarundi. Turabatumiriye ayo masengesho.
« Abarundi ntibazokwama bari mu marira, amaganya n’amagorwa. Muburundi ntihazokwama harangwa ubukene, intwaro zigikenye, kwangaza , kwica, akarenganyo no guturubika abantu maze impunzi zigakwira isi yose n’abanyororo bakuzura amabohero. Imana Uhoraho agiye kuroranya ibintu. Tubahamagarira mwese gusengera Uburundi bw’Isezerano »
URUFATIRO
« Kura oco kibuye Yesu azure ivyawe. Ugurura umutima wawe, ubwenge bwawe n’ibiganza vyawe maze Yesu yikorere »
Yohana 11:39-44,Tito 3:5
Indirimbo: 259 ;37;49; 172;248.
IVYO MPWEMU AHISHURA
Imana irahishura ko haribintu igomba kuzura ; gukiza; ariko hari ikibuye dutegekwa gukuraho naco kikaba ari Ivyaha ; kudaharira ;inzigo, ubusambanyi; ubwicanyi ; ….;
Ivyo bituma Imana itazura ivyacu.
IVYOGUSENGERA
-Gusengera Ihanga; abakozi bayo ;aba diyakoni; abagwayi ;ababoshwe; impunzi; -Gusengera amasezerano kuburundi no kubwa muntu ku giti ciwe.
Tubaye turabashimira kukigoro muzogira mukitaba ayo amasengesho no kuyararikira abandi.
Ni dusangwe IMANA UBURUNDI N’ISEZERANO
Bigiriwe I Bujumbura igenekerezo rya 20/03/2018.
http//:www.abisezerano.com