Urupfu rwa Coloneli Jean Félix Ntahonkuriye yahora muri FNL muri RDC.

Urupfu rwa Colonel wa kanyeshamba Jean Felix NTAHONKURIYE ruravugwa mugabo ni inkuru tukibatohoreza. Yavuka kuri se:NTAHONKURIYE

NYINA:NTAHONDEREYE, ZONE:KIYENZI, COLLINE:MUSUGI, COMMINE:KANYOSHA

PROVINCE:BUJUMBURA RURAL

Yahoze mu gisirikare ca leta y’uburundi yinjijwe na FNL. inyuma y’ibihe bibi igihugu caciyemwo mu mwaka 2010 yaciye ava mu gisirikare FDN aja mu muhari fnl wafashe ibirwanisho irongowe Aloys NZABAMPEMA.Yarakibayemwo kugeza igenekerezo rya 26/09/2017 aho yahavuye akinjura muri Fnl agiye kugira umugwi wiwenkuko vyavuzwe mw’itangazo uwahora amurongoye muri Fnl Aloys NZABAMPEMA yasohoye igenekerezo rya10/01/1018. Uyo NTAHONKURIYE Jean Felix igenekerezo rya05/01/2018 Niho hasohoka vidéo amenyesha ko akuye inzego z’umugambwe Fnl n’izagisirikare ko ariwe abaye Chef d’Etat Major .Munyuma yaho yabandanije ubuzima bwiwe ari mu gisagara ca Uvira atunzwe n’ugutega abantu ku nzira abiba. Ejo igenekerezo rya19/03/2018 Niho yari yaraye kwiba aho hejuru y’igisagara ca Uvira ahitwa KATONYERA asanga abanyagihugu birariye nikwo guca bamurasa arapfa nkuko bivugwa.

Ariko haravugwa yuko abo bahorana aribo bamwishe bamusanze aho yama arabundabunda kandi ikindi ifoto y’ikiziga berekana si icuyo colonel Jean Félix Ntahonkiriye ahubwo nico umugenzi wiwe bakunda kuba barikumwe ari nawe yari yasohoye vidéo na audio ngo yahiritse ubutegetsi bwa FNL ya Aloise Nzabampema. Ni inkuru tubadanya tubakurikiranira.