Cyril Ramaphosa abona ko hageze ko Afrika ikoresha ifaranga rimwe

Umukuru w’igihugu ca Afrika y’epfo, Cyril Ramaphosa, amenyesha ko kugira umugabane wa Afrika utere imbere mu vy’ubutunzi, hakenewe ko ibihugu vya Afrika vyose bishinga isoko rusangi, bikanakoresha ifaranga rimwe bihuriyeko kugira vyoroherwe mu budangaji hagati yavyo.

Mu nama yo gushiraho isoko rusangi iriko ihuza abayobozi b’ibihugu vya Afrika hamwe n’abarwizatunga bakomeye, i Kigali mu Rwanda, Umukuru w’igihugu ca Afrika y’epfo, Cyril Ramaphosa, yamenyeshaje ko hakenewe ko Afrika yose ikoresha ifaranga rimwe muvy’ubudandaji, hagahagarikwa gukoresha ifaranga ry’abanyamahanga, kuko ku bwiwe bisa n’uko ari ubukoroni bubandanya.

Umukuru w’igihugu, Cyril Ramaphosa, ashimangira iciyumviro ciwe mu guhamagarira ababishoboye kuja hamwe ngo iryo faranga ritangure vuba kuko rizoca rifasha mw’iterambere rirama na cane cane mu budandanji hagati y’ibihugu bihana imbibe.

Umukuru w’igihugu, Cyril Ramaphosa, amenyesha kandi ko habaye intambwe ku masezerano yo gushiraho isoko rusangi muri Afrika (AFCFTA), yoba ari intango nziza n’amahirwe ku banyafrika yo gukora n’ugukorera hamwe mu kwiteza imbere ku mugabane wabo.

Mu mahirwe yitezwe muri iryo isoko rusangi harimwo gufungura neza, iterambere ry’amahinguriro, kwongerekana kw’ubwoko bw’ibidandazwa, guhererekanya ubumenyi, kwaguka kw’isoko, iterambere rikomoka ku bwinshi bw’abanyagihugu, gukuraho intambamyi zishingiye ku makori n’amatagisi, gukorosha uruja n’uruza rw’abantu n’ibintu hamwe n’ibindi.

Vyitezwe ko muri iryo soko rusangi ry’ibihugu 55 vya Afrika ko nko mu mwaka wa 2022 hoboneka iyongererekana muvy’ubucuruzi rishika ku bice 25 kw’ijana, mu gihe ubu hari ibice 16 kw’ijana.

Iciyumviro c’umukuru w’igihugu, Cyril Ramaphosa, c’uko Afrika yokoresha ifaranga rimwe kije ciyongera ku cipfuzo c’uwahoze ari umukuru w’igihugu ca Lybia, Mouammar Kadhafi c’uko Afrika yari gukoresha ifaranga rimwe ryari kwitwa Dinar, uwo mukuru w’igihugu aca agandagurwa atagishitseko.