Inama Uburundi butitavye yatanguye i Kigali

Abakuru b’ibihugu bigize umuryango w’ubumwe bwa Afrika bakoraniye i Kigali mu gihugu c’Urwanda kuva kuri uwu wa gatatu, mu nama y’ukwemezwa amasezerano y’ugushiraho isoko rusangi y’ubumwe bwa Afrika (CFTA : Continental Free Trade Area). Uburundi ntibwaserukiwe muri iyo nama, umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA akaba yandikiye uwutwara ubumwe bwa Afrika, amubwira igituma atitavye iyo nama.

Mw’ikete yarungikiye Moussa Faki Mahamat arongoye inama y’ubumwe bwa Afrika, umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yamumenyesheje ko yakiriye neza ubumwa bumutumira muri iyo nama, kandi ko yari yipfuje kuzokwitaba, ariko ikibanza iyo nama izoberamwo (i Kigali mu Rwanda) kidahumuriza intumwa z’Uburundi, ku bijanye n’umutekano. Petero NKURUNZIZA avuga ko uwo mutekano utizewe kuko bamwe mu bashatse gutembagaza ubutegetsi mu mwaka w’2015 bari muri ico gihugu. Urwo rwandiko ruvuga kandi igihugu c’Urwanda arico catanze imyimenyerezo ya gisirikare hamwe n’ibirwanisho, amakungu arorera.

Abari i Kigali ni umukuru wa Niger Mamadou Issoufou, Emmerson Mnangagwa wa Zimbabwe, Brahim Ghali wa Sahara, icegera c’umukuru w’igihugu wa Côte d’Ivoire, Daniel Kablan Duncan, icegera c’umukuru w’igihugu wa Seyschelles, Vincent Meriton, Cyril Ramaphosa wa Afrika y’epfo, Idriss Déby wa Tchad, Azali Assoumani w’Izinga rya Comores, João Lourenço wa Angola, Ismaïl Omar Guelleh wa Djibouti, Omar el-Béchir wa Sudani, Mohamed Ould Abdel Aziz wa Mauritanie, Filipe Nyusi wa Mozambique, Macky Sall wa Senegal, Adama Barrow wa Gambie, Ali Bongo Ondimba wa Gabon, Nana Akufo-Addo wa Ghana, Denis Sassou-Nguesso wa Congo Brazzaville.

Iyo nama yitezweko guterwa umukono ku masezerano y’isoko rusangi ya Afrika, nk’uko vyemejwe mu nama y’ubumwe bwa Afrika iheruka kubera i Addis Ababa muri Ethiopia mu 2018.

Umubano w’ibihugu bibanyi, Uburundi n’Urwanda, watanguye gutosekara kuva mu kwezi kwa kane umwaka w’2015, hatanguye imyiyerekano y’abiyamiriza ugusubira kwitoza kw’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA. Uburundi bwagiriza igihugu c’Urwanda ko kibitse abashatse gutembagaza ubutegetsi, ko Urwanda rwatanze ibirwanisho vyakoreshejwe mu ntureka zihitiye mu Burundi, kandi ko n’abarwanya ubutegetsi bw’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA bahabwa imyimenyerezo ya gisirikare muri ico gihugu.

Ku rundi ruhande, Urwanda rwagiriza Uburundi ko bukorana n’abarwanyi ba FDLR. Ibihugu vyompi bimenyesha ko bifise ivyagiriji bikwiye.

Kuva uwo mubano utanguye kubonekamwo utunenge, igihugu kimwe muri ivyo cakiriye inama, ikindi ntigiserukirwa.