Abarundi batari bake kubera ingorane zagiye zirashikira uburundi na cane cane abarundi bamwe bamwe barazangazanga, bakazama gushika aho bakinisha ukuri canke bagafata abarundi kuko ari ibikinisho mugusuka ubujuju bwose kuri facebook na whatsapp. Ababikora bakanabitangangaza ni abibaza yuko abarundi ba kera ari nabo bubu . Bibagira kandi yuko ivyari imagera vyageranuye kandi yuko ngo iyo bumenya umwe ariho bwari kuba ikindi. Isomere nawe uheze wibaze ngo yaje kugirira ikoraniro kaminuza mu gihugu c’Uburundi:
UMUSHINGAMATEKA HUSSEIN RADJAB ABARIZWA MU BURUNDI. Ngo amakuru ashikira Urunani Rw’Ibimenyeshamakuru yemeza neza ko umushingamateka arongoye umugambwe #CNDD FDD irazwa ishinga n’Iyubahirizwa ry’amategeko ari mu Burundi guhera kuruwu musi wa 22 ntwarante Hussein Radjab yaje azananye n’Abandi barundi basanzwe bamugenderanira hamwe n’Abandi banyepolitike bacuditse n’Umuhari Forebu, Abaserukira Ingabo za Forebu , abaserukira imigambwe icuditse Na Forebu , Abaserukira Forebu mubindi bihugu na cane cane mubihugu bigize aka karere, hamwe n’abandi barundi batari bake. .
MBEGA YOBA ARINDE YAMUBONYE : Nkuko tubandanya
tubibwirwa n’Umwe mubasirikare
bari mu Burundi mugabo akaba
akorana n’Umuhari Forebu,
Umushingamateka Hussein Radjab
ari mu Burundi naho benshi
batigeze bamubona kumpamvu
z’umutekano wiwe nuwabo Bose
boba bari bipfuza kumubona Na
cane cane ko atawukundwa na
bose. Ugukorera mw’Ibanga kuri
Hussein Radjab si ibintu bishasha
kuko Kuva kera kurugamba gwa
#FDD , Hussein Radjab yamye
agendera uBurundi na cane cane
ko ari umurundi . Yamye agendera
uBurundi muntumbero
yokuramukanya hamwe
nomuntumbero y’akazi kiwe
kamisi yose ka politike. ?Nomuriki
gihe rero, Hussein Radjab ari mu
Burundi kandi abategerezwa
kumwakira bamwakiriye ntakibazo
yahuye naco.
ATI MBEGA HUSSEIN RADJAB NABO
BARIKUMWE BOBA BAGENZWA
N’AMAKI?
Uwo musirikare wa reta
asigaye yipfuza ihinduka riciye
kumuhari Forebu yamenyesheje
Urunani Rw’Ibimemyeshamakuru
ko Abo baje mu Burundi , baje
munama ikomeye kumuhari
Forebu nokubarundi muri
rusangi. Nkuko Umushingamateka
Hussein Radjab yama yabivuze ko
ikibazo c’Abarundi ari abarundi
bonyene bazogitorera umuti,
nanubu aracavyemeza ndetse
akaba Ariyo mpamvu we nabo bari
kumwe bashatse ko Inzego
z’Umuhari Forebu zitorerwa mu
Burundi nyene.Birategekanijwe
rero ko Inzego z’Umuhari Forebu
zitorwa kumusi w’Ejo kuwa 23
Ntwarante . Izo nzego
zigabuyemwo kubiri: inzego za
Forebu muri Politike hamwe
n’Inzego za Forebu mugisirikare.
Izo nzego rero kuva Ejo aho
bukera zirashirwa ahabona.
Abarundi n’Amakungu
bagashobora kuzozimenyeshwa
Kumusi w’Ejo nyene kuwa 23
Ntwarante canke kumusi wa hirya
y’Ejo kuwa 24 Ntwarante . Nayo
kubijanye n’ibikorwa vy’Umuhari
Forebu, Uwo ari munzego za
Forebu yatumenyesheje ko
ibikorwa bibandanya kuva kera
guhera mumwaka wa 2015 kuva
aho Nkurunziza ahisemwo
guhonyanga amasezerano
y’amahoro hamwe
n’Ibwirizwashingiro.