« Bande Dessinée » y’indundi yabonetse

Abatari bake bagiye basoma ibitabo bikozwe mu mashusho n’insiguro bijanye bita « bandes dessinées »(BD) vyo mu mahanga, mu minsi iri imbere hagiye kunoneka ibikorewe mu Burundi.

Hari imisore umunani yashize ahabona igitabo c’ubwo bwoko kivuga ivyerekeye igihugu cabo.

Ico gitabo kitari kimenyerewe, cerekana amasanamu y’inyoni zitandukanye ziri muri Rwihinda, kimwe mu biyaga biri mu ntara ya Kirundo, mu buraruko bw’Uburundi.

Imisore yacanditse ikoresha amaboko mu gucapa, igasigura ko ishaka kwerekana ubwiza bw’Uburundi, ikipfuza kandi ko ibiyaga vyokingirwa.

Ico gitabo c’impapuro 40 kirimwo ibicapo bitandukanye vy’inyoni, abantu na bimwe mu bibanza vyo mu Burundi nk’ikibuga c’indege ca Bujumbura n’ahandi.

Cerekana ingene inyoni zitandukanye zihunga ibihugu vya bulaya iyo hakanye, zikaza mu bihugu vya Afrika cane cane mu kiyaga Rwihinda kiri ku mupaka w’Uburundi n’Urwanda, zije kurondera ahameze neza.

Kubwa Gentil, biratangaje kubona inyoni zigira urugendo rw’ibirometero ibihumbi n’ibihumbi zije kurondera aho ziruhukira mu Burundi.

« Twashatse kwerekana ubwiza bw’Uburundi kugira dukabure ingenzi zize kuratira ijisho.

Ikindi twipfuza nuko abafata ingingo bokingira ibiyaga n’ibidukikije kubera ari bimwe mu bishobora guteza imbere uburundi », nikwo Muganga abisigura.

Ico gitabo gisohotse mu gihe mu Burundi bivugwa ko ibiyaga bitandukanye bigeramiwe n’abantu bubaka canke barima iruhande yavyo, bigatuma ibikoko bibayo nk’imvubu n’ibindi bigira ingorane ndetse no kwicwa bikicwa.

Abasomye aho hahise ama BD yo mu mahanga nka Astérix, Spirou, Tintin n’izindi, bagiye kuronka mu minsi iri imbere BD zikorewe mu gihugu c’amavuko, biyibutse aka kera.