Burundi: Mu mashure ngo ntivyifashe neza!

Abashingamateka baratewe umutima uhagaze n’ubukene bw’abarimu n’ibikoresho bwibonekeza mu mashure atandukanye y’igihugu.

Bavuga ko bituma inyigisho zitituka, bikaba vyashikirijwe kuri uno wa gatatu aho umushikiranganji w’indero yari aramutse yishura ku bibazo vy’abo bashingamateka.

Janvière Ndirahisha amenyesha ko ahanini ubukene bw’ibikoresho buterwa n’ikibazo c’uburyo bw’amafaranga budakwiye.

Bamwe mu bashingamateka bagarutse ku ngingo iherutse gufatwa yo gukora rusansuma rw’abakozi ba reta bafise impamyabushobozi za kaminuza, baronse biciye mu nyigisho zo ku mugoroba.

Umushikiranganji Janvière Ndirahisha amenyesha ko bamutahuye nabi. « Nashikirije amakenga ko hibonekeza utunenge twinshi muri ico gikorwa bisabwa gutunganywa neza.

Iyumvire nk’umukozi aba mu Ruyigi ugiye ubona akuzaniye impamyabushobozi yaronse mu vyigwa vy’umugoroba ugasanga yize kuwa mbere, kuwa kabiri, kuwa gatatu, gushika kuwa gatandatu ! ivyo ntibitahuritse », nikwo Janvière asigura.

Ikindi abashingamateka bagarutseko n’ihagarikwa ry’abigisha rikorwa n’inzego z’umutekano rimaze imisi ryibonekeza mu bice bitandukanye vy’igihugu.

Aho umushikiranganji Ndirahisha yishuye ko adashobora kwisuka mukazi k’ubutungane.