Ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu buriyamiriza amakuru avugwa ko hari urusansuma rwoba ruriko rurakorwa mu ntara ya Bujumbura rural, komine Kanyosha, zone Kiyenzi ku mutumba wa Musugi, agacimbiri Nyagatoke, aho abanyagihugu bo muri ako karere bemeza ko urwaruka rwoba ari imbonerakure zo mu mugambwe uri ku butegetsi rubasaba kwuzuza ifishe ivuga ko ari « Abagumyabanga ba CNDD FDD » canke ko ataribo.
Bamwe mu banyagihugu twashoboye kuganira bakozweko iyo rusansuma, bamenyesha ko urwaruka bita imbonerakure ruca mu mihana rubaza ibibazo bitandukanye, babifashijwemwo n’abajejwe intwaro bo ku mutumba cane cane ba nyumbakumi, nk’uko vyemezwa n’abo banyagihugu.
« Iyo rusansuma igizwe n’ifishi imwe ku rugo, hejuru ku mutwe hakiyandika ko nyumbakumi, hagakurikira umukuru w’urugo n’abana biwe bose bafise imyaka yo gutora kandi biyandikishije mu bazotora mu matora yimirije kuba mu kwezi kwa gatanu yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa shingiro. », uwo ni umwe mu bagizweko rusansuma, ariko atashimye ko amazina yiwe avugwa, ku mvo z’umutekano wiwe.