Abanyamadini baragabisha bavuga ko ubwiyunge hamwe n’amahoro bigeramiwe mu gihugu ca Tanzaniya.
Mw’itangazo ryasohowe n’inama y’abasenyeri b’ishengero rya Luther ryo mu gihugu ca Tanzaniya, baranegura ubutegetsi, bakabwiyamiriza u bijanye n’abantu bamaze iminsi banyuruzwa, ibitero ku ndongozi hamwe n’itoteza rikogwa ku batavuga rumwe n’ubutegetsi igihe c’imyiyerekano.
Leta yarugaye amaradiyo amwamwe mu mezi ya vuba; abo basenyeri bakagabisha bavuga k’uburenganzira bwo gushobora guserura iciyumviro bubangamiwe.
Mu kwezi kwa 12, leta yavuga ko ishobora gufatira ingingo amashirahamwe y’abemera Imana baja mu vya politike.