Umwaka w’ishure wa kaminuza 2017-2018 muri kaminuza y’Uburundi ugiye gutangura ku banyeshure bahejeje amashure yisumbuye mu mwaka wa 2016. Umuyobozi wa kaminuza y’Uburundi, Gaspard BANYANKIMBONA amenyesha ko uwo mwaka ku banyeshure bari bamaze igihe biyandikishije kuri iryo shure mu mwaka wa mbere ugiye gutangura ku musi wa mbere igenekerezo rya 9 Ndamukiza 2018.
Ku bijanye n’agafashanyo bazoriha mu gihe bazoba baronse ubuzi inyuma y’inyigisho za kaminuza kiswe (prêt bourse), Banyankimbona amenyesha ko ubuyobozi bujejwe ivy’indaro muri kaminuza hamwe n’ubuyobozi bujejwe gukurikirana ibijanye n’ibibazo vya kaminuza bazofasha abo banyeshure mu kuborohereza ivyo bazoba bariko bararondera mu biro bijejwe ivy’agafashanyo.
Abo banyeshure bagiye gutangura mu mwaka wa mbere, bari bamaze igihe kitari gito biyandikishije kuri iryo shure barindiriye ko bahamagarwa kugira batangura ivyigwa.