Umushingwamanza Ladislas NDAYIRAGIJE yaraye ijoro rya mbere mw’iperereza

Umushingwamanza Ladislas NDAYIRAGIJE wo mu rwego rw’abashingwamanza rw’i Bujumbura apfungiwe mw’iperereza kuva kuri uwu wa gatatu. Yafashwe nk’igihe c’isaha indwi n’iminota 30 z’umurango.

Mu giporisi c’Uburundi bamenyesha ko uwo mushingwamanza yagirizwa ugushaka guhungabanya umutekano w’igihugu.

Nk’uko bibandanya bivugwa n’igiporisi, umushingwamanza Ladislas NDAYIRAGIJE yagirizwa ko ariwe arondera abaja mu mirwi irwana mu gihugu ca Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo. Mu giporisi bamenyesha ko yavuzwe n’abamaze gufatwa, ubu bapfunzwe.