Reta y’Uburundi yasavye ko hokorwa urusansuma rw’impunzi ziri muri Tanzaniya

Reta y’igihugu c’Uburundi ntiyemera igitigiri c’impunzi gitangwa n’ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe impunzi HCR, mu makambi y’impunzi mu gihugu ca Tanzaniya. Muri Reta basigura ko ivyo bitigiri bidafatira ku barundi baba bitahanye batanditswe.

Inyuma y’inama yahuje Reta y’Uburundi, Reta ya Tanzaniya hamwe n’ishirahamwe rijejwe impunzi HCR, ku vyerekeye itahukanwa ry’impunzi zipfuza gutahuka ku bushake bwazo, Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu n’inyigisho zo gukundisha igihugu, Pascal BARANDAGIYE yamenyesheje ko ivyo bitigiri bitangwa vy’impunzi ziri muri Tanzaniya atarivyo kuko bidafatira ku barundi bitahukana ubwabo batarinzwe kwandikwa na HCR.

Mu gihe habaye impari nyinshi zo kutumvikana ku gitigiri c’impunzi ziri muri Tanzaniya, umushikiranganji Pascal BARANDAGIYE yasavye ko hakorwa rusansuma mu guharura umuntu ku wundi, kugira igitigiri c’ukuri c’impunzi ziri muri ayo makambi gihurizweko na bose.