Aloys BARICAKO yumvirijwe irigira kabiri n’igendereza

Umukuru w’umugambwe RANAC utavuga rumwe n’ubutegetsi bw’i Bujumbura yasubiriye gufatwa n’igendereza, mu nyuma ararekurwa abanje kwumvirizwa.

Ku ncuri igira kabiri, Aloys BARICAKO, umukuru w’umugambwe RANAC yafashwe kuri uwu wa gatanu mu gihe yari yatumweko guhabwa Terefone ziwe ngendanwa zari zafashwe n’igendereza. Ashitse hafi y’ahakorera igendereza i Bujumbura, Aloys BARICAKO yaciye asubira gufatwa, yumvirizwa irigira kabiri. Yarekuwe nk’igihe c’isaha icenda z’umurango, ariko Terefone ziwe akaba atazihawe, akaba azosubira kwitaba niyatumwako.

Aloys BARICAKO yumvirijwe irigira kabiri mu gihe uwutwara umugambwe arongoye mu ntara ya Muramvya, Daniel MANIRAKIZA apfunzwe nawe nyene, mu giporisi bakamenyesha ko yagirizwa ugushaka guhungabanya umutekano w’igihugu.