Umugambwe RANAC wiyandikishije kuzokwitaba ukwiyamamaza mu matora y’ibwirizwa nshingiro

Umugambwe RANAC (Rassemblement National pour le Changement) wiyandikishije kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 4 Ndamukiza 2018 mu murwi w’igihugu ujejwe gutegura amatora CENI kugira uzokwitabe igikorwa co kwiyamamaza mu matora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro rishasha.

Aloys BARICAKO arongoye umugambwe RANAC yamenyesheje ko biyandikishije kugira bazoje mu bikorwa vy’amatora, kuko mu mategeko ngenderwako y’uwo mugambwe hasanzwe harimwo itegeko ribuza gusiba amatora.

Ku vyerekeye ugufatwa kwiwe guheruka mu misi iheze, Aloys BARICAKO yavuze ati : « Vyaranshikiye nivyo ariko nta muntu bica intege, ikibwirizwa ni ukugira inguvu kugira tugwanire intwaro rusangi kuko ituma igihugu gitera imbere. »

Aloys BARICAKO yavuze ko kubera idosiye yiwe itarahera atari vyiza kuvuga icatumye afatwa ariko yemeje ko ivyatumye afatwa harimwo ivya poritike akora.

Uwo arongoye umugambwe RANAC yasavye ko urubuga rwa poritike rwugururwa kuri bose.