Christian NKURUNZIZA, Burumatari w’intara ya Bururi, mw’ikete yandikiye ba Musitanteri bose bo muri iyo ntara, yabamenyesheje ko bibujijwe gukora ikarashishi mu murwi (Sport de masse), inyuma y’isaha 12 zo ku mugoroba.
Mw’ikete ryiwe ryo kuri uwu wa mbere igenekerezo rya 2 Ndamukiza 2018, Buramatari wa Bururi Christian NKURUNZIZA yasiguye ko hamaze imisi hibonekeza abakora ikarashishi mu murwi (Sport de masse), inyuma y’isaha 12 zo ku mugoroba. Abagira iyo myimenyerezo bakaba bahora bagenda baravuza amafirimbi, bahonda ibidumu, kandi bitwaje ibihiri.
Burumatari w’intara ya Bururi yategetse ko ikarashishi yo mu murwi izoza iratangura igihe c’isaha cumi na zibiri zo mu gitondo, ariko ko atawurekuriwe kuyikora inyuma y’isaha cumi na zibiri zo ku mugoroba. Iryo tegeko rya Christian NKURUNZIZA rikaba rivuga kandi ko atawurekuriwe kwitwaza ubuhiri muri iyo myimenyerezo.